Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Mbappé, Walker, Di Maria, Laporte, Lingard, Ramos, Buffon

Umukinyi w’inyuma wa RB Leipzig na Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 21, ari hafi yo kwimukira muri Manchester City ku giciro kitari bwigere kibaho muri uno murwi c’imiriyoni 86 z’amapawundi. (Telegraph)

Umumenyereza wa Fulham Marco Silva w’imyaka 45 yanse amasezerano n’umurwi wo mw’ihiganwa ryo muri Arabia Saoudite(Saudi Pro League) aho yari kuronka umushahara w’imiriyoni 17 z’amapawundi. (iNews)

Umusatirizi wa Paris St-Germain n’Ubufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 ashaka umushahara w’imiriyoni nibura 206 z’amapawundi kugira ngo yinjire mu murwi uwo ari wo wose muri rino ci. (Mail)

Newcastle United iripfuza abakinyi bo hagati b’Ubwongereza, Kalvin Phillips w’imyaka 27 akinira Manchester City, hamwe na Conor Gallagher w’imyaka 23 akinira Chelsea, mu gihe ivyo kurondera umukinyi w’inyuma wa Southampton Umwongereza Tino Livramento w’imyaka 20 vyananiranye kubera igiciro. (Telegraph) READ MORE

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *